Somaliya: Abatama babiri bishwe barashwe na Al-Shabab muri Somalia

Abatama babiri bishwe barashwe n’intagondwa za Al-Shabab mu duce dutandukanye tw’umugwa mukuru Mogadishu, mu gihugu ca Somalia.

Haraheze igihe abanya Somalia bafise umwitwarariko munini ku gitigiri ciyongera c’abantu Al-Shabab ihiga umwumwe, munyuma ikica.

Muri bino bitero bibiri vya nyuma co kimwe no mu bindi vyinshi vyo mu ndwi za vuba, ubwo bwicanyi bukogwa ku murango izuba riva, nta mupolisi canke umusirikare agerageza kubuhagarika.

Mu kugerageza gutera ubwoba abanyagihugu, Al Shabab yarafashe amashusho ya video, iyasanzaje ku mbuga hwaniro.

Ku munsi wa kabiri abanyepolitike batatu hamwe n’abasirikare batandatu babacunze barishwe, baguye mu mutego wa Al-Shabab mu buraruko bwa Mogadishu.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s