Kenya : Abantu 10 biritavye Imana mw’isanganya ry’indege

Abantu 10 nibo biritavye Imana mw’isanganya ry’indege y’ishirahamwe FlySax ryabaye mu karere kitwa Aberdares, ku birometero 80 mu buraruko bw’umurwa mukuru w’igihugu Nairobi.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushikiranganji wo kwunguruza abantu n’ibintu, Paul Maringa , yavuze ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Cesna 208 yari imaze iminsi ibiri yaraburiwe irengero.

Ku bw’uwo mutegetsi umugwi w’abatabazi b’ikigo kigenzura ibikoko vyo mw’ishamba Kenya Wildlife Service, nibo batoye iyo ndege basanze ari ibimanyu.

Ubutegetsi buvuga ko impanuka y’iyo ndege yoba yatewe n’igicu kibi mu gihe hari haguye imvura nyinshi irimwo n’igipfungu, ariko ubutegsti buvuga ko bwatanguje n’itohoza.

BBC, ivuga ko abatwara iyo ndege babiri hamwe n’ingenzi umunani aribo baguye muri iryo sanganya, umushikiranganji Maringa akaba yahojeje imiryango yabuze.

Iyo ndege yabuzwe irengero kuri « radar » ku munsi wa kabiri ku muhingamo, haheze isaha irenga ivuye mu gisagara ca Kitale, mu burengero bw’igihugu ija i Nairobi.