Ububirigi bwizeye iyugururwa ry’urubuga rwa poritike mu gutegura amatora ya 2020

Icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu amenyesha ko ashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020.

Mw’itangazo yashikirije inyuma y’ijambo ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, Didier Reynders, yavuze ko gukurakuranwa ku butegetsi ari ishimikiro ry’amasezerano ya Arusha, n’amasezerano ya Afrika mu bijanye n’intwaro rusangi, amatora n’intwaro.

Didier Reynders avuga ko, inyuma y’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, igihugu c’Ububirigi cizeye ko abategetsi b’Uburundi bazoshobora kwugurura urubuga rw’abanyagihugu na poritike, ari narwo rukenewe mu gutunganya amatora ya 2020.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, avuga ko Ububirigi busaba ko ibiganiro atawe bikumira bisubira gutunganywa, bihagarikiwe n’akarere no mu ntumbero y’amasezerano ya Arusha.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020, kandi yiyemeje kuzoshigikira umukuru w’igihugu abarundi bazotora mur’uwo mwaka.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s