Ubugenduzi bukuru bw’igiporisi bwagenye abarongoye igiporisi mu makomine amwe y’igihugu

Ubugenduzi bukuru bw’igiporisi bwagenye abagiye kurongora igiporisi mu makomine amwe amwe. Ubwo bugenduzi busaba abajejwe gushira mu ngiro iyo ngingo ica itangura kuja mu ngiro kuva ishizweko umukono.

Abo bagenywe ni abagiye kurongora igiporisi mu makomine ya Nyabihanga yo mu ntara ya Mwaro, muri komine Bugenyuzi, mu ntara ya Karusi, muri komine Rugazi, intara ya Bubanza, hamwe n’uwo muri komine Cankuzo mu ntara ya Cankuzo.

Amazina y’abo bagenywe ni aya :

Komine Nyabihanga : OP1 NDAYIKENGURUKIYE Anicet.

Komine Bugenyuzi : OP1 NDAYISENGA Daniel

Komine Rugazi : OPC2 BIGIRIMANA Céléstin

Komine Cankuzo : OPP1 NIYONZIMA Jean Baptiste

Publicités