Isirayeli na Palestina: Imyiyerekano ikomeye irabandanya ku rubibe rwa Isiraheli naho hamaze kwicwa abarenga Imana.

Ibihumbi vy’abanye Palestine basubiye mu myiyerekano ku rubibe hagati ya Gaza na Isirayeli, mu rukurikirane rw’imyiyerekano bise « Urugendo ruhambaye rwo gutahuka ».

Imyotsi yirabura ivuye mu mapine abiyerekana baturiye niyo yuzuye ikirere, mu gihe amatiyara yaka umuriro bakoze bo nyene yasubiye guterwa yerekeza muri Isirayeli.

Imisigiti i Gaza yamye irahamagararira abantu kwitaba iyo myiyerekano ari benshi, ikaba ibaye ku munsi wa gatanu wanyuma w’igifungo ca Ramazani.

Abanye Palestine barenga ijana nibo gushika ubu bamaze kwicwa n’amasasu y’abasirikare ba Isiraheli mu ndwi ziheze z’imyiyerekano.

Ubwo bwicanyi bwariyamirijwe n’amakungu, ariko Isirayeli ishimangira yuko igisirikare cayo kiriko kirarinda ibitero urubibe rwaco.

Iyi myiyerekano igamije gusaba ko Isiraheli yova mu butaka yigaruriye kugira impunzi z’abanye Palestine zitahuke zibubemwo.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s