RDC : Jean Pierre BEMBA yejejwe na sentare mapanavyaha mpuzamakungu CPI

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu iri i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande,CPI, mu gista cayo c’iyungururizo, yejeje Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Jean Pierre BEMBA yari yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bijanye no guhohotera agateka ka zina muntu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha kobashigikiye bwana Bemba bavugije impundu kubera umunezero igihe icemezo ca sentare catangazwa i La Haye.

Mu 2016, Jean Pierre Bemba yahawe igihano c’imyaka cumi n’umunani yagiriwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe n’abasirikare biwe mu gihugu ca Centre Afrique, harimwo kwica no gufata abagore ku nguvu.

Abacamanza bavuze ko adashobora kubazwa ivyaha vyakozwe n’abasirikare biwe mu gihugu c’amahanga.

Bwana Bemba yari amaze hafi imyaka cumi mw’ibohero rya CPI i La Haye mu Buhorande.

Publicités