Imboneshakure y’igihugu izokwereka ikibiriraho inkino 32 z’igikombe c’isi

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’iguhugu RTNB , amenyesha ko imboneshakure y’igihugu izokwerekana ikibiriraho, inkino 32 z’ihiganwa ry’igikombe c’isi kizobera mu gihugu c’Uburusiya. Salvator NIZIGIYIMANA avuga ko bamaze gushika ku masezerano abaha uburenganzira bwo kwerekana izo nkino.

Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, avuga ko yamaze kuvugana nabo vyega bose kugira bazoshobore kuronka uburenganzira bwo kwerekana inkino z’igikombe c’isi zizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi gushika kurya 15 Mukakaro 2018.

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu RTNB , avuga ko bahejeje kuvugana ku masezerano yo kwerekana ikibiriraho inkino 32 muri 64 z ‘ihiganwa ry’igikombe c’isi.

Ku bijanye n’inkino zizokwerekanwa, Salvator NIZIGIYIMANA, amenyesha ko bazokwerekana kandi inkino zo gukurakuranamwo, iz’igice c’umunani gishira ica nyuma, igice ca kane gishira ica nyuma, ica kabiri gishira ica nyuma n’urukino rwa nyuma.

Salvator NIZIGIYAMANA avuga kandi ko, kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi, imboneshakure y’igihugu izokwerekana ibirori vyo kwugurura ihiganwa kandi bakazokwerekana n’ibirori vyo gusozera ihiganwa, bizoba kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’iguhugu RTNB, amenyesha ko abarundi badakeneye kwama bumva canke babona amakuru ya poritike gusa, ariko bakeneye no kuryoherwa bakaronka akaryo ko gutwenga no kunezerwa.

Publicités