Uganda: Abaganda mu kigandaro inyuma y’urupfu rw’umudepite yishwe arashwe.

Abaganda bari mu kigandaro inyuma y’urupfu rw’umushingamateka yatowe mu ntara y’amatora ya Arua, Ibrahim Abiriga yapfuye inyuma yaho arasiwe hafi y’inzu yiwe ahitwa Mattuga ku munsi wa gatanu.

Bivugwa ko yarashwe n’abantu babiri bari ku pikipiki isaha cumi na zibiri n’igice ku munsi wa gatanu.

Uwo bari kumwe amubungabungira umutekano nawe nyene yararashwe.

Bwana Abiriga ari mu batanguje iciyumviro co guhindura ibwirizwa shingiro ngo ingingo y’i 102b yihanikiza abafise imyaka irenga 75 kwitoza ngo ivanweho.

Inyuma yaho abwiriwe ayo makuru, Prezida Yoweri Museveni yasavye ko hotanguzwa itohoza.

Abiriga yari mu kiringo ca mbere c’ubushingamateka inyuma yaho atorewe mu matora yo mu 2016.

Imbere yaho, Abiriga yarakoze mu gisirikare ku butegetsi bwa Prezida Idi Amin Dada imbere yuko yinjira mu muhari « National Resistance Army » no mu gisirikare ca UPDF aho yarafise ipete rya Koloneli.

Publicités