Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara ; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya, uzorutsinda.

YESAYA 54 : 17 Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara ; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe , ni jewe Uhoraho mbivuze. Alleluya bagenzi banje bwoko bw’Imana, Uhoraho Ubwiwe niwe akuzaniye iyi ndemesho ko atakintu na kimwe bogira ico kukurwanya cohava kigira iko kimara, wizigire Uhoraho gusa wubahe Uhoraho nawe azokubahisha azokwemeza mû batakwemera, azogukenyeza wumve kuri umusavyi w’Uhoraho Ugororokere Uhoraho mu kuri no mû mpwemu Amen. Dusenge : Turagushimiye Mana yacu wagize neza wadukoreye ibitangaza kuba waturinze tukaba turi mû mwuka w’abakiri bazima imbabazi zawe zatubayeho Mukunzi Mwiza bâ shari bâ nzigo abagome abagambanyi abicanyi eka n’ abarozi baramaramaye, Wakoze Data Wera n’ubu turavuze tuti : Urakoze Ewe Nyen’ ububasha bwose icubahiro n’inganji birushirizeho guhabwa wewe ibihe vyose uyu musi bize kumenyekana vyumvikane KO harico wakoze kandi wahinduye mw’ihema ryawe no ku basavyi bawe, tubigusavye tukwizeye mw’Izina rya YESU KRISTO Umwami wacu Amen!

Publicités