Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwa gatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera UBurundi n’abarundi
URUFATIRO
» URAHIRIWE WEWE WIZIGIYE UHORAHO ».
IBISOMWA:
– Yeremiya 17:7-8
– zaburi 20:7
– 2 Ngoma 32:1-8
– Habakuki 2: 1-4
INDIRIMBO
272; 122; 147; 248; 259
IVYOMPWEMU AHISHURA
Abantu mwiyi misi nkuko Ivyanditswe Vyera bivuga (imisi yiherezo) abantu baritwararitse cane kwizigira abantu gusumba kwizigira Uhoraho.
-Ariko naho biri uko ibibazo vyawe, vy’umuryango, vy’ishengero canke vyigihugu urimwo bizotoregwa inyishu n’Imana nta muntu azobitunganya.
-Bamwe bishimira ubutunzi, inkomezi, igihagararo, amashure, ico bari…. » »ariko mweho muze mwishimire Uhoraho » »(zaburi 20:7).
IVYOGUSENGERA
– Abatizera, abahemukiwe n’abantu, abakomerekejwe n’abo canke ivyo bizigiye atarivyo, abishimira ibigigwamana, abizigiye amasezerano y’Ibinyoma kugira ngo bagaruke ku Mana nyakuri.
– Dusengere abarwaye, abashonje, aba boshwe, impunzi, impfuvyi, abana bo mwibarabara; abantu batawe nabo bari bizigiye (abana n’abakuze), ingo z’abubatse, urwaruka n’abageze muzabukuru.
– Musengere Ihanga ry’Imana n’indongozi kuva hasi gushika hejuru ( Umurongozi, abamwungirije, abaririmvyi n’abadiyakoni, abapastori, abasenzi, abavugishwa n’abakera)
Nidusangwe Imana -uBurundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 12/06/2018.
Http ://www.abisezerano.com