Abanyeshure bagirizwa guca mu nzira zitemewe muri kaminuza y’Uburundi bafatiwe ibihano

Ubuyobozi bujejwe uburaro hamwe n’ibijanye n’imfungurwa mu kigo ca kaminuza y’Uburundi bwafatiye igihano abanyeshure 36 bo murico kigo co kwakwa agafashanyo ku kwezi kumwe baronswa, inyuma yo kwagirizwa guca mu nzira zitemewe n’amategeko mu kwinjira mu bigo vyiryo shure mu gihe c’inyuma z’isaha zitatu n’igice c’ijoro.

Mw’itegeko umuyobozi ajejwe uburaro mu kigo vya kaminuza y’Uburundi yasohoye amenyesha ko hisunzwe amategeko ashiraho ikigo c’uburaro bwa kaminuza hamwe n’ingene gikora, abanyeshure 36 bafatiwe igihano co kwakwa agafashanyo k’ukwezi kumwe basanzwe bahabwa.

Umuyobozi ajejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi,avuga ko abo banyeshuri baciye mu nzira itemewe n’amategeko inyuma y’isaha zitatu n’igice z’ijoro.

Anatole NZINAHORA amenyesha ko iyo ngingo ifashwe kuko abo banyeshure barenze ku ngingo ya 54 ijanye n’amategeko agenga uburaro mu bigo vya kaminuza.

Publicités