Afrika y’Epfo : Aba Islam babiri bishwe bacumiswe uwundi arakomereka

Abantu babiri bishwe bacumiswe inkota mu gitero cabaye ku musigiti mu gihugu ca Afrika y’Epfo , mu gihe aba islam bariko baritegurira gusenga.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uwo yagize ico gitero, yari yitwaje inkota, yaje igihe abantu bari bakoraniye ku musigiti wa Malmesbury, mu buraruko bw’igisagara ca Cape Town isaha icenda z’ubucagucagu.

Iradiyo BBC, imeneyesha ko umukuru w’igiporisi Henry Durant yabwiye Africa’s News ko uwakoze ubwo bwicanyi yaje yiruka aca atangura gucumita abantu, kandi ko yoba ari umunyamahanga.

Lt Col Andre Traut avuga ko uwo yakoze ubwo bwicanyi yashatse kugwanya abaporisi bariko baramugondoza ngo yishikane, baca baramurasa aca yitaba Imana.

Ishirahamwe ry’aba islam mu gihugu ca Afrika y’Epfo, bavuze ko bababajwe n’ico gitero, ko kandi hejuru y’abapfuye hari n’uwundi mugabo yakomeretse.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s