Bubanza : Abagirizwa gutanga inyishu z’ikibazo baciriwe gupfungwa imyaka ibiri n’igice

Igihano co gupfungwa imyaka ibiri n’amezi atandatu hamwe no gutanga ihadabu y’amafaranga 100000 vy’amarundi umwe umwe, nico gihano cahawe abayobozi babiri b’amashure nshingiro na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018, bagiriwe n’icaha co kworosha ubusuma bw’ikibazo ca Reta.

Abo bayobozi babiri ni HAKIZIMANA Ferdinand na HASHIMAGIZWUHORAHO Eraste bagiriwe n’icaha co guha inyishu z’ikibazo ca Reta abanyeshure.

Abandi bahawe igihano ni NIYONKURU Noël, NDAYIRAGIJE Émile, NIJEBARIKO Isaac, NYANDWI Anastasie na NTEZIMANA Concilie, bagiriwe n’icaha co gufasha gutanga inyishu z’ikibazo ca Reta, bakaba bahanishijwe none umw’umwe ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana, batayarishe bace bapfungwa umunyororo w’umwaka uhereye kuva urubanza rugisomwa.

Urwo rubanza rubaye inyuma y’aho abo bayobozi n’abigisha bagirijwe ko bafashije mu gutanga ikibazo ku banyeshuri mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishuri nshingiro.

Publicités