Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa.

ZABURI 125 : 1-2 Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.2Nk’ukw’imisozi ikikije Yerusalemu nik’Uhoraho akikije abantu biwe, Uhereye none, ugashitsa ibihe vyose. Alleluyaaaa.Muntu w’Imana uri kumwe nanje muri kino gitondo, wizigire Uhoraho Imana yawe, ntushire umutima wawe k’umugabo wawe, k’umugore wawe, k’umwana wawe canke k’ubahambaye canke ku batunzi, abo n’abantu biyumvira gatoya bagahindura, shira umutima wawe wose k’Uhoraho guko niwe We nyene adahinduka, kandi niwamushira k’umutima, ukamwizigira nta kintu na kimwe gishobora kukunyiganyiza ntakigutera ubwoba ntakwiganyira ntakwidodomba nta miruho nta mibabaro YESU n’UMWAMI w’abami si Se GABA w’Amahanga yose, NTAKIMUNANIRA, Amen. DUSENGE : Tukuzamuriye Icubahiro Nyakubahwa Tukuzamuriye Amashimwe n’Impundu guko Ubikwiriye, Uri Imana Yokwizigirwa ntawuhwanye nawe Uragahora ku Ngoma Ibihe vyose. Turakwinginze Mukunzi Mwiza ng’Ushishikare kuturinda no kutuzitirira ibikwiririye n’ibibereye vyose biri mû kiganza cawe Ubiduhere Ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu, Amen.

Publicités