Ububirigi: Umwana w’imyaka 8 agiye gutangura kaminuza

Umwana w’imyaka 8,Laurent Simons wo mu gihugu c’Ububirigi yatanguye inyigisho z’amashure ya kaminuza afise imyaka 8.

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako Laurent Simons yize mu mwaka umwe n’igice ivyigwa twokwize mu myaka itandatu.

Laurent Simons afise se wiwe avuka mu Bubirigi hamwe na nyina wiwe avuka mu gihugu ca Hollande .

Ayo makuru avuka ko uyo mwana afise ubwenge bita « Quotient Intellectuel »

bungana n’i 145.

Laurent Simons yaronse urupapuro rw’umutsindo ari kumwe n’abana bafise imyaka 18.