Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntimerewe kubandanya inyigisho zisanzwe

Abigeme bigeze gutwara inda z’ishushu hamwe n’abahungu bigeze gutwaza inda abigeme ntibemerewe kubandanya inyigisho z’amashure haba ya Reta canke mu mashure y’abigenga,bemerewe kuja gusa mu mashure y’imyuga.

Mu rwandiko umushikiranganji w’indero hamwe n’imyuga Janviere NDIRAHISHA yarungikiye abayobozi b’indero mu ntara abamenyesha ivyerekeye utunenge turi murico gisata ,yavuze ko abanyeshure bafise ivyete vy’ishure atari vy’ukuri basubizwa mw’ishure bari baramenye canke birukanwe. Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntibemerewe kubandanya inyigisho zisanzwe

Janviere NDIRAHISHA avuga kandi ko ingingo zoba zarafashwe mu mwihwezo wo gutanga impamyabushobozi ku banyeshure bahejeje amashure harimwo abakoresha ivyete vy’ishure bitari mu kuri izo ngingo kurabo banyeshure zizoca ziba impfagusa.

Uyo mushikiranganji aheraheza avuga ko umuyobozi wese yoba yaragize uruhara mu bijanye n’ivyete bitemewe canke mu guhohotera bifatiye ku gitsina azohanwa hisunzwe amategeko.

Publicités