Afrika Yepfo: Umupfasoni bibaza yuko yapfuye basanze agihema muri firigo babikamwo ibiziga

Umupfasoni wo muri Afrika y’epfo agwariye mu bitaro inyuma yo gusanga agihema muri firigo babikamwo abapfuye.

Uwo mupfasoni yari yajanywe mu buruhukiro bwa Carletonville mu ntara ya Gauteng, abaganga bavuga ko yapfuye inyuma yo kugira isanganya ry’imodoka.

Urubuga rwo muri Afrika y’epfo TimesLive rwanditse ko Kompanyi ya rusehabaniha Distress Alert yavuze ko « ata kimenyetso c’umuntu akomeye yigeze yerekana ».

Ariko igihe abakozi bo mu buruhukiro baza gusuzuma ico kiziga muri firigo, basanze uwo mupfasoni ariko arahema.

Umutegetsi yemeje kuri BBC ko uwo mukenyezi ariko aravurirwa mu bitaro mu buseruko bwa Johannesburg inyuma yo kurungikwayo n’abaganga. Nta zina ryiwe ryavuzwe.

Hatangujwe amatohoza kuri ivyo vyashitse, mu gihe umuryango uriko ukibaza uko vyagenze.

Uwo mu muryango wiwe atashatse kumenyekana izina yabwiye BBC ati: »Nk’umuryango nta co dushobora kubivugako atari igipolisi, abaganga n’abakozi bo mu buruhukiro babigizemwo uruhara. Turakeneye inyishu. »

Uwo mugabo yavuze ko umuryango wagize umubabaro cane.

Yongeyeko ati: »Dukeneye inyishu, ni co conyene dukeneye kandi gushika ubu nta muco baraduha. »

Uwurongoye Distress Alert Gerrit Bradnick yavuze nta kintu « cerekana ko habaye ugusamara » kw’izina ry’iyo kompanyi yiwe.

Yabwiye TimeLive ati: » Ibi vyose bishika kubera abaganga bacu batigishijwe neza. »

Bradnick yabwiye TimeSelect ko yari umwe mu bantu benshi bagize impanuka y’imodoka, yahitanye abantu babiri ku musi w’Imana itariki 24 z’ukwezi kwa gatandatu.

Si ubwa mbere muri uyu mwaka umuntu yikangurira mu buruhukiro bamaze kuvuga ko yapfuye.

Mu kwezi kwa mbere, umunyororo wo mw’ibohero riri mu karere ka Austurias muri Espagne yaratoye ubwenge imbere y’uko batangura kugira ibipimo vyo kumenya icamwishe.

Abaganga batatu bari bamaze kwemeza ko yapfuye.

Publicités