Rumonge: Abantu 4 bahagaritswe inyuma y’urupfu rw’umupatiri

Abantu 4 nibo bahagaritswe n’igiporisi mu ntara ya Rumonge inyuma y’urupfu rw’umupatiri akomoka mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Pierre Claver Wendo yarangurira ubutumwa kuri paruwasi ya Rumonge.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako patiri Pierre Claver Wendo yitavye Imana inyuma y’umwanya muto avuye mu bunywero bita Ndiriki aho yariko arivuna inyota.

Ayo makuru avuga kandi ko umugore bariko basangira ikinyobwa n’uyo mupatiri yitwa Aline NIHOKUBWAYO hamwe n’abandi 3 bakora murubwo bunywero baciye bahagarikwa ku mvo z’amatohoza.

Publicités