Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA amenyeshako ahantu hose Reta y’Uburundi ifise inyungu habwirizwa kuba hariho umushingwamanza wa Reta ajejwe guhagararira hamwe no gukwirikirana izo nyungu za Reta.
Ivyo yabishikirije kuruno wa kabiri igenekerezo rya 3 Mukakaro 2018,mu nama yamuhuje n’inzego zitandukanye z’igihugu mu ntumbero yo gusubiramwo itegeko rijanye no guhagararira inyungu za Reta.
Muriyo nama ,Aimée Laurentine KANYANA yamenyesheje ko hari abarongoye inzego zitandukanye z’igihugu benshi batabungabunga neza ivyo bajejwe na cane cane mu kudashira imbere inyungu z’igihugu.