Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi.
URUFATIRO
« Uhoraho Imana ntiyabataye, ntiyabibagiye kandi ntiyabirengagije. Mwame mumenya yuko ijisho ryiwe n’ikiganza ciwe biri hafi yaw. »
IBISOMWA
-Ezechiel 39: 25-29
– Itanguriro 18:9-14; 21:1-3
INDIRIMBO
158; 172; 77; 147; 354; 101
IVYO MPWEMU AHISHURA
1. Abantu b’Imana bagize ibibasamaza vyinshi maze bata intumbero. (Ezechiel 39: 25s )
2. Abantu barihebuye kubera kumara mubibazo ibihe birebire (Mu bugaragwa niho Imana yigishiriza abayo)
IVYO GUSENGERA
-indongozi z’Ihanga na b’isezerano bose;
-Abagiye mu ngendo bose
-Abahunze igihugu cabo
-abugarijwe n’ubukene, inzara n’ubushomeri
-abapfungiwe mumabohero atandukanye.
-Abagwayi, impfuvyi n’abapfakazi.
-mwibuke gusengera umuvyuro muvyo impwemu.
Tubaye turabashimira akigoro kanyu ko gusengera igihugu na beneco.
Ni dusangwe Imana -Uburundi n’Isezerano
Bigiriwe I Bujumbura le 03/07/2018