Umutumiro wo gusengera Uburundi n’Abarundi

Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwagatandatu twama dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’Abarundi.

URUFATIRO

« Uhoraho Imana ntiyabataye, ntiyabibagiye kandi ntiyabirengagije. Mwame mumenya yuko ijisho ryiwe n’ikiganza ciwe biri hafi yaw. »

IBISOMWA

-Ezechiel 39: 25-29

– Itanguriro 18:9-14; 21:1-3

INDIRIMBO

158; 172; 77; 147; 354; 101

IVYO MPWEMU AHISHURA

1. Abantu b’Imana bagize ibibasamaza vyinshi maze bata intumbero. (Ezechiel 39: 25s )

2. Abantu barihebuye kubera kumara mubibazo ibihe birebire (Mu bugaragwa niho Imana yigishiriza abayo)

IVYO GUSENGERA

-indongozi z’Ihanga na b’isezerano bose;

-Abagiye mu ngendo bose

-Abahunze igihugu cabo

-abugarijwe n’ubukene, inzara n’ubushomeri

-abapfungiwe mumabohero atandukanye.

-Abagwayi, impfuvyi n’abapfakazi.

-mwibuke gusengera umuvyuro muvyo impwemu.

Tubaye turabashimira akigoro kanyu ko gusengera igihugu na beneco.

Ni dusangwe Imana -Uburundi n’Isezerano

Bigiriwe I Bujumbura le 03/07/2018

http://www.abisezerano.com

Publicités