Ni munyumve, yemwe ab’inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese

YESAYA 46 : 3-4 Ni munyumve, yemwe ab’inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese, abo nateruye uhereye mu kivuka, nkabaheka mukiva munda; 4 nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musesa imvi nkibaheka : ni jewe naremye, ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura, mbarokore. Alleluyaaaaaaa yemwe ab’inzu ya Yakobo, mbega woba uri mu masigarira yo mu nzu ya Isirayeli ? Umve NDIHO yaraguteruye araguheka, arirahiriye ko uzopfa wisaziye ukiri ku mugongo wa NDIHO IMANA yawe, naho hariho abasashaka kubaho, naho hariho abadashaka ko uzamuka ko utera uja imbere, imbaraga z’Imana, Ubushobozi bw’Imana burakuzamuye mw’Izina rya YESU KRISTO, DUSENGE: Data mw’Izina rya YESU KRISTO Turagushimiye cane, Turagushimiye ko watubundikiriye tukaba tuvyutse turi bazima, Turagushimiye cane kushishikara kuduterura no kuduheka satani abandanye amaramarira ibwina i kuzimu, titura sangangura ibigaragara vyose nk’inzoka na sikoropiyo, sangangura ubushobozi bwose bw’umurwanizi, utwuzuze mw’Ijambo ryawe utwuzuze mw’inkomezi zawe, ibikwiriye n’ibibereye ubiduhere ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités