Australie: Umwepisikopi Philip WILSON yakatiwe igifungo c’umwaka

Umwepisikopi Philip Wilson wo mu gihugu ca Austrariya yakatiwe igihano c gufungwa ikiringo c’umwaka umwe inyuma yo kwagirwa n’icaha co kunyegeza amakuru y’abiheye Imana bafata ku nguvu abana hamwe n’ihohoterwa ryakorewe abana mu mwaka w’I 1970.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako Philip Wilson yananiwe no gutanga amakuru ku bajejwe umutekano ivyavurwa kuri mugenzi we Patrick Flether yagirizwa gufata ku nguvu abana b’abahungu b’abakorezi mw’ishengero.

Ayo makuru abandanya avuga ko ico gihe Philip yarakiri umupatiri akiri muto yatinya kubivuga yibaza ko vyahava vyonona ishusho ya Ekereziya katorika.

Mu mwaka wi 2004 niho Patrick Fletcher yagirizwa ivyaha 9 bijanye no gusambanya abana,mu nyuma acapfira mw’ibohero inyuma y’imyaka 2 afunzwe.

Philip Wilson asanzwe ariwe mwepisikopi wa diyoseze ya Adelaide,akaba abaye umuntu wa mbere akomeye muri Ekereziya Gatorika akatiwe igifungo nk’ico kubera ivyaha bifitaniye isano no gusambanya abana bimaze imisi vyagirizwa abapatiri n’abandi bihebeye Imana mu mihingo itandukanye y’isi.

Publicités

Un commentaire sur “Australie: Umwepisikopi Philip WILSON yakatiwe igifungo c’umwaka

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s