Umukuru w’igihugu yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku mvukira za komine Ntahangwa

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu imvukira zo muri komine Ntahangwa kuruno wa kabiri igenekerezo rya 3 Mukakaro 2018.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu nyigisho ziwe yashikirije imvukira za komine ya Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura zashingiye kubijanye no kunagura ibikorwa vyiza vyaranze kahise k’igihugu c’Uburundi.

Izo nyigisho zo gukundisha igihugu,umukuru w’igihugu yashikirije imvukira za komine Ntahangwa zizofasha abanyagihugu kugira bamenye kahise ba sokuru baraze abarundi hamwe no kuzofasha urunganwe ku rundi kumenya ivyo barazwe na ba sokuru.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashimishwa n’intambwe inyigisho zo gukundisha igihugu zigezeko aho atanga akarorero k’umunezero waranze abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bitavye ibirori vyo ku musi wo kwikukira ku musi wa mbere uheze.

Publicités