Abarundi bahungiye muri Kenya mu 2015 batanguye gutahuka

Impunzi 48 zigizwe n’imiryango 10 nizo zatahukanywe n’indege inyuma y’umutaga wo kuri uwu wa gatatu zivuye mu gihugu ca Kenya, aho zaba mu nkambi zitandukanye.

Bubaye ubwa mbere kuva hadutse indyane zishingiye ku kindi kiringo c’umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza muri 2015, hatahukanwa impunzi z’Abarundi ziri muri Kenya.

Nk’uko bishikirizwa na Therence Ntahiraja, umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yaje kwakira abo bahungutse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, muri iyi misi ya vuba hagiye gutahuka impunzi zirenga 180.

Izo mpunzi z’Abarundi ngo zizova mu nkambi zitandukanye zo mu gihugu ca Kenya.

Abo batahutse barashima ko bagiye gusubira kubona imiryango yabo nk’uko bamwe bavyiganiye BBC.

Uwitwa Bahati Félicien yagize ati: « Nari nahunze muri 2015 igihe havugwa ivya ‘coup d’état’. Twaciye muri Uganda n’umuryango wanje duca tuja muri Kenya. Kubera rero ubuzima bugoye cane hariya, twahisemwo gutahuka ».

Ubuzima bugoye

Bamwe muri bo bemeza ko bahora bakubagurwa n’abanya Kenya. Maria Barutwanayo, umupfasoni w’abana 5 yavuze ati: « Ntibadukundira ko tuja kuvoma canke gusenya. Impuzu z’abana banje n’izanje nyene barazitwatse, tuje uku nyene. Nopfuma mpfira mu gihugu canje ».

Abahungutse ukwo ari 48 bose baturuka mu ntara ya Kirundo mu makomine ya Busoni, Bwambarangwe, Bugabira na Kirundo.

Nkuko bimenyeshwa n’ishirahamwe riraba ivy’impunzi, HCR, impunzi z’Abarundi ziri mu makambi atandukanye yo muri Kenya zirenga gato 1300.

Publicités