Ubuhinga: Ubushinwa buriko bukora ku bwinshi amabisi adakenera abashoferi

Ihinguriro rikomeye Baidu ryavuze ko ryatanguye gukora ku bwinshi izo modoka zitazokenera abashoferi, zishobora gutangura gukora mu Bushinwa na Tokyo mu minsi ya vuba.

Baidu yasohoye iryo tangazo inyuma yaho rikoreye amabisi 100 ya Apolong mw’ihinguriro ryayo riri mu ntara ya Fujian, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.

Iryo hinguriro ryavuze ko izo bisi zizokoreshwa ivyashara mu bisagara vy’Ubushinwa, ariko ngo ntiryibaza kuzigurisha hanze.

Iryo shirahamwe riri muri menshi ahiganwa kugurisha imodoka zitwara zo ku rugero rwa kane « level-4 autonomy ».

Izo modoka zisigaje intambwe imwe ngo zigere ku rugero rwa gatanu rw’imodoka zishobora guca mu bintu vyose vyoshika mw’ibarabara, birimwo amabarabara mabi hamwe n’igihe c’ikirere kibi.

Uwurongoye ikigo Baidu, Robin Li, yashikirije iyo migambi yiwe mu nama iba ku mwaka ku bijanye n’Ubwenge Buhingugwa [Artificial Intelligence(AI)] yabereye i Beijing.

Yagize ati: « Umwaka w’i 2018 ugiye kurangwa n’igurishwa ry’imiduga yitwara.

« Muri kahise, Ubushinwa bwagurishije ibidandazwa bizimbutse mu makungu.

Muri kazoza, Ubushinwa buzogurisha mu makungu ibidandazwa bikozwe hisunzwe ubuhinga AI.

Amasezerano na Softbank

Ibisi Apolong ishobora gutwara abantu 14, kandi yatunganijwe n’umuhinga w’imiduga w’umwenegihugu.

Nta ntebe y’umushoferi ifise, nta kigendesho (volant) ifise canke ibihonyozo (pédales) bifasha gutwara imodoka.

Igendeshwa n’umuyagankuba, igashobora kugenda ibirometero 100 igihe ibatiri ryujujwe umuriro amasaha abiri, ku muvuduko w’ibirometero 70 kw’isaha.

Ishirahamwe Baidu ritegekanya gukoresha iyo miduga ahantu hugaye nko ku bibuga vy’indege hamwe no mu bibanza bikunze kujamwo abakerarugendo.

Iryo hinguriro rivuga ko abo bagiye gukorana bazozikoresha mu bisagara vya Beijing, Shenzhen, Wuhan no mu bindi bisagara vy’Ubushinwa.

Rivuga ko hari amasezerano ryapfunditse n’ibanki yo mu Buyapani Softbank Group, ashobora gutuma izo modoka zinjira no mu mabarabara ya Tokyo.

Mw’itangazo Softbank yasohoye, ivuga ko igiye kugerageza imodoka 10 za Apolong mu Buyapani mu ntango yo mu 2019.

Ikigo SB Drive camuka kuri Softbank caraguze imiduga myinshi yigendesha, kiyikuye mw’ishirahamwe ryo mu Bufaransa, Navya.

Amabisi ya Navya arakoreshwa ku kibuga c’indege Charles de Gaulle, mu kibanza co kuruhukiramwo Queen Elizabeth Olympic Park c’i Londres, no mu mabarabara ya Las Vegas.

Ayandi mashirahamwe nka Easymile yo mu Bufaransa, Intellibus yo muri Australia na KT yo muri Korea yepfo, arafise nayo nyene amabisi yitwara yikoreye.

Umwigisha wa kaminuza ya Leeds y’ivyo kwunguruza abantu n’ibintu mu Bwongereza, Natasha Merat yavuze ko mu minsi ya vuba, imiduga nka mweniyo ishobora kuzoba ikundwa cane n’abanyagihugu kurusha iyitwagwa n’abashoferi.

Publicités