Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.

YOSUWA 1 : 9 None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga ? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose. Alleluya bwoko bw’Imana. Urashobora kuba wataye ivyizigiro kubera ivyo uriko uracamwo, urashobora kuba wihebuye, wakubita amaso hirya no hino ukabona nta nzira yo gutabarwa ihari, wiyumvira ukitsa umutima wawe, ndakuremesheje muntu w’Imana, Imana yakwitegereje, Imana Yakubonye, Irazi ibibazo vyawe kandi Ifise inyishu y’ibibazo vyawe vyose, ntakimunanira, Niyo ibikwibaririye, Imana Iri kumwe nawe aho uja hose no muvyo Ukora vyose. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu Wabanye natwe raba turi bazima dushima Izina ryawe hari benshi baheze mw’itiro, hari benshi bahuye n’ingorane zitandukanye,sikubw’inkomezi zacu, n’Ubuntu bwawe buhebuje watugiriye, Icubahiro n’Icawe ibihe vyose Mana. Shishikara kuturinda bâ shari na bâ nzigo, uturinde ivyikakisha vy’uburyo bwose uturinde ivyo vyose bibundiye ubugingo bwacu utwuzuze mw’inkomezi dushishikare kugenda no kugukorera uko ugomba, turagushimiye Muvyeyi Mwiza kandi turizeye kuri kumwe natwe tubigusavye tukwizeye mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités