Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (commission Nationale des terres et autres biens) utera akamo abantu batumwako n’uyo murwi ntibitabe kuvavanura n’iyo ngendo kuko uwutazokwitaba ubutumire yahawe incuro 3 urubanza ruzoca rucibwa impaga.
Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CNTB yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 4 Mukakaro 2018, Dieudonne MBONIMPA yamenyesheje ko hari abantu bagira urunani mukuburanira amatongo atari rwabo bafise intumbero yo kugira ubusuma n’abandi baba bashaka gusura ibinyoma,bazoshengezwa bahanwe hisunzwe amategeko agenga umurwi CNTB.
Dieudonnee MBONIMPA avugira CNTB yavuze ko ubu umurwi CNTB ufise amatati arenga ibihumbi 20 mu ntara zitandukanye z’igihugu hamwe n’ayandi matati 2400 ari mu gisata c’iyungururizo.
Murico kiganiro uyo muvugizi wa CNTB yavuze ko intara ya Rumonge hamwe n’intara ya Makamba arizo ziza imbere y’izindi zifise amatati menshi gusumba izindi arinaco gituma zashizwe imbere kugira amatati arangwa murizo ntara uko ari zibiri agabanuke gushikan k’urugero rw’izindi ntara.
Dieudonnee MBONIMPA yavuze ko bashima abatorera umuti amatati bafise ukwabo nk’uko bamaze imisi babibona mu gikorwa bamazemwo .
Inyuma yaho ku magenekerezo ya 10 gushika 29 Ruheshi umurwi CNTB wari mu bikorwa mu ntara ya Rumonge ,kuva kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2018 uzoba uri mu bikorwa mu ntara ya Makamba.