Igikorwa co gutangisha intererano y’amatora catangujwe ku ngo mu Burundi

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi bwatanguje gutangisha intererano y’amatora yo mu 2020 urugo ku rugo mu gihugu cose, ivyo bikorwa bikaba vyatanguriye muri zone ya Gatumba i Bujumbura.

Ico gikorwa catangujwe n’inama yahuje abasitanteri n’ababuramatari, yabereye muri zone ya Gatumba intara ya Bujumbura.

Nkuko vyashikirijwe, imihana isabwa guterera mu Burundi bwose igera ku 2 150 000.

Umuhana wose usabwa gutanga 2000 ku mwaka.

Urwaruka rugeze gutora ni umuliyoni, rugasabwa guterera amahera 1000 ku mwaka.

Nestor Bimenyimana ari mu mugwi ushinzwe kwegeranya intererano niwe yashikirije udutabo bazorihirako.

« Udutabo canke udu carnets tw’amafarnga ibihumbi bibiri bibiri tugiye gutangwa, tugera ku bihumbi 43. Uwt’igihumbi humbi na two ni ibihumbi 20. Kamwe kose gafise impapuro 50. Ni kuvuga ko agatabo karihirwako ibihumbi bibiribibiri kazovamwo ibihumbi ijana », nikwo Nestor asigura.

Ba buramatari na ba musitanteri bashikirije amakenga bafise.

Buramatari w’intara ya Makamba Gad Niyukuri ni umwe muri bo.

« None ko abakozi ba reta basanzwe bakatwa amafaranga y’intererano ku mushahara buri kwezi. Nitwashika ku mihana yabo bakavuga ko bariha tuzobigenza gute ? » nikwo Gad yabajije.

Kuri iyo myitwarariko, Therence Ntahiraja, umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yatanze inyishu :

« Aya ni amafaranga yo ku ngo. Nuguharura ingo zose ata na rumwe ruvuyemwo. Twinjiye mu vyo gusobanura vyohava bigorana ».

Ntahiraja avuga ko isekeza ritanguye ubu mu kw’indwi kubera ari ho abanyagihugu bariko barimbura ivy’impeshi.

Kuva mu ntango z’uwu mwaka intererano yahora itangwa n’abakozi ba reta, amashirahamwe n’inganda gusa.

Mu ntango z’ukwezi kwa 6, ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwatangaje ko bwari bumaze kwegeranya imiriyaridi 17 mu gihe hakenewe izigera ku 70.

Publicités