Joseph BUTORE :“ico bene urugo badafunguye gitera amakenga umushitsi”

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE asaba abarundi kwijukira hamwe no gukoresha ibidandazwa n’ibihingurirwa mu Burundi kuko ata muntu ava hanze y’igihugu yobikunda abarundi batabanje kubikunda ubwabo.

Mu birori vyo kugurura ihayanishwa gurisha rya kabiri ryitiriwe “Ivyahinguriwe i Burundi umwaka wa 2018 ” ,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko guhingura ibidandazwa ari kimwe kubikunda no kuvyijukira ari ikindi ari naco gituma abantu bibaza ko ibivuye hakurya y’amazi arivyo vyiza bakwiye kuvavanura n’iyo ngendo.