RDC: Moise KATUMBI yashize ahabona abomufasha gutwara atsinze amatora y’umukuru w’igihugu

Uwutavugarumwe na Reta y’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ,Moise KATUMBI yashize ahabona urutonde rw’abantu 46 bamufasha gutwara igihugu aramutse atowe kuba umukuru w’igihugu.

Ivyo yabishikirije inyuma y’umusi umwe yemeje ko ihuriro ryiwe rya poritike rizoja mu matora y’abakuru b’intara mu gihugu cose ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.

Amakuru dukesha Jeune Afrique amenyeshako kururwo rutonde harimwo uwitwa Salomon Idi Kalonda Della avuga ko azomugira umuhanuzi adasanzwe ajejwe ivya poritike,Uyo mugabo akaba amaze hafi imyaka 20 amenyanye na Moise Katumbi bivugwako yari mu bamufasha cane igihe yari buramatari w’intara ya Katanga kandi barafashanije mu gutwara umurwi w’umupira w’amaguru wa TP Mazembe.

Uwundi yagarutse kururwo rutonde ni Olivier Kamitatu asanzwe ari umuvugizi wa Moise Katumbi akazoba ajejwe gutwara abahanuzi b’umukuru w’igihugu bose.

Moïse Katumbi afise imyaka 54, yabaye buramatari w’intara ya Katanga kuva mu mwaka wa 2007 atanga imihoho murayo mabanga ,mu mwaka wa 2015, ubu akaba amaze imyaka ibiri ari mu buhungiro.

Publicités