Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abasuma

Jean BERCHIMAS NZIRUBANJE niwe yaraye yishwe n’abasuma bitwaje ibigwanisho bongera bakomeretsa uwitwa KAYIZERA k’umutumba Mwenya muri komine Kirundo mu ntara ya Kirundo mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu igihe c’isaha imwe n’iminota 40 z’ijoro.

Amakuru dukesha umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo basuma bitwaje ibigwanisho bateye bari kw’ipikipiki mu bunywero bw’uwo batazira KAYIZERA barasa abari murubwo bunywero baca bakomeretsa nyene bwo KAYIZERA hamwe na Jean Berchimas NZIRUBANJE yaciye yitaba Imana.

Pierre NKURIKIYE amenyeshako uwo yakomeretse ubu ari mu bitaro vyo mu ntara ya Ngozi ,ikiziga c’uwapfuye naco kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vya Kirundo.

Uyo avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako abo basuma imbere yuko bahunga bagiye bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri kandi ubu amatohoza aza yatanguye.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s