Faustin NDIKUMANA: “ Kuva mu 1962 gushika 2018 ,Uburundi bwagumye mu bibazo.”

Ishirahamwe ryishinje gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako kuva mu myaka 56 Uburundi bumaze bwikukiye bwagumye mu bibazo bitandukanye kandi butateye imbere mu gihe bufise ubutunzi kama bwoshobora kugifasha gutera imbere.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA amenyeshako mu cigwa bakoze kubijanye n’intwaro mu vya poritike hamwe n’iterambere mu butunzi basanze kuva ku ntwaro ya cami hamwe n’izindi ntwaro zagiye zikurikira basanze hagiye haraba ingendo mbi zo kwikunda bituma abanyagihugu baguma mu bibazo bitandukanye nk’ubukene,gufungura nabi hamwe no kudatera imbere.

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru mu nama yo guhahana ivyiyumviro kuruyu wa gatanu, yatunganijwe n’ishirahamwe PARCEM kubijanye n’uko intwaro muri poritike hamwe n’iterambere mu butunzi vyifashe kuva Uburundi bwikukira, gushika igenekerezo rya 1 Mukakaro 2018.

Faustin NDIKUMANA avuga ko ivyakozwe mu myaka yahera vyokosorwa kandi kw’icigwa bakoze gikwiye kubera akarorero abanyeporitike mu guhindura ingendo , umunyagihugu nawe akigishwa kugira amenye ivyo uwumurongoye abwirizwa kumukorera.

Paul NGARAMBE ari mu bitavye iyo nama yamenyesheje ko abanyeporitike bakwiye kwifashisha kahise k’igihugu c’Uburundi kugira bafashe abandi guhakura icigwa mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihari.

Pierre Celestin NDIKUMANA kubwiwe yavuze ko intwaro mu bijanye na poritike vyategerezwa kuba akaryo ko gushiraho indinganizo nziza ifasha abanyagihugu muvyo bakenera ariko abanyeporitike benshi babifata nk’akaryo ko kurondera amaronko.