Muramvya: Igiporisi c’Uburundi caturiye ibiyayuramutwe vyafashwe uyu mwaka

Igiporisi c’Uburundi caturiye kuruno wa gatanu igenekerezo rya 6 Mukakaro 2018 i Bugarama mu ntara ya Muramvya, itoni 2 z’ibiyayuramutwe bimaze gufatwa muruno mwaka wa 2018.

Itoni zibiri z’ibiyayuramutwe zaturiwe zigizwe n’ibiro 2558 vy’urumogi vy’ubwoko bwa canabis, udutu 3540 twa canabis, ibiro 100 vy’imiti yataye igihe, ibiro 7,7 vya cocaïne, ibiro 2 vya amphétamine, ibiro 19 vya héroïnes hamwe n’ibiro 12 vy’urumogi bita kas.

Ico gikorwa co guturira ivyo biyayuramutwe vyafashwe cari citabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO.