Abantu 100 bahitanywe n’umwuzure mu Buyapani

N’imiburiburi abantu 100 bashobora kuba bapfuye inyuma y’imvura y’akataraboneka yatumye haba imyuzure n’imisozi irasenyuka mu burengero bw’Ubuyapani nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wa reta.

Abandi barenga 50 bivugwa ko baburiwe irengero nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Japan Times.

Kuva ku musi wa kane, ibice vyo mu burengero bw’Ubuyapani bwaguyemwo imvura ingana incuro zitatu iyoguye mu kwezi kose kw’indwi. Abantu imiliyoni zitatu basabwe kuva muri ako karere mu gihe inzuzi zarengewe.

« Abajejwe gucungera ibihe bavuga bati: »Ntitwari bwigere tubona imvura nk’iyi. »

Abajejwe gutabara batanguye kurondera aboba bagihema bari mu vyondo canke ibiziga vy’abapfuye ku wa mbere mu gitondo.

Abategetsi b’intara ya Okayama babwiye itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ko urugero rw’amazi ruriko ruragabanuka ku buryo imigwi ijejwe gutabara bashobora gushika ahasinzikaye gusumba n’amaguru.

Abapfuye benshi n’abo mu ntara ya Hiroshima.

Hafi 40 bahitanywe n’imyuzure hamwe n’ibihomoka mu Buyapani

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yavuze ku musi wa gatandatu ko abajejwe gutabara « bariko barasiganwa n’umwanya ».

Yabwiye abamenyeshamakuru ko hakiri abantu baburiwe irengero bakeneye ababafasha. »

Mu gisagara ca Motoyama, mw’izinga rya Shikoku, imvura ipima 583mm ni yo yaguye hagati yo ku wa gatanu no ku wa gatandatu mu gitondo.

Haragabishwa ko imvura nk’iyo ishobora gusubira kugwa, iyipima 250mm ikaba ishobora kugwa mu turere tumwe tumwe gushika ku wa mbere.

Publicités