Igitabo ca mbere canditswe mu Kirundi ku amasezerano Imana yahaye ihanga ry’Abarundi

(INCAMAKE Y’IGITABO)

Dr Levi Rukundo, ni Umuhinga mu bijanye na Psychologiya, ivy’indwara zo mu mutwe, Ingeso, imigenzo, n’ivy’imibano. Ni umwigisha kandi muri za Kaminuza zo mu Burundi no mu mahanga.

Dr Levi Rukundo yanditse ibitabu vyinshi biri mu ndimi z’Icongereza n’Igifaransa. Ubu muri kino kiringo akaba yasohoye igitabu ciwe ca mbere canditswe mu Kirundi.

Dr Levi Rukundo avuga ati burya umwanditsi arashobora gufata ikintu kitamenyekana, akagiha ubuzima akoresheje ijambo ryiwe yanditse.

Ahandi naho ngo umwanditsi kenshi araba ibigenda neza mu gihugu canke kw’isi, akabishigikira bigahabwa agaciro. Ibigenda nabi abishira ahabona kugira ngo abantu bihanure ntibahave bagwa mu kaga.

Abandanya avuga ko kenshi na kenshi, usanga umwanditsi afise ivyiyumviro bitandukanye nivyo abandi, canke akadoma urutoke ivyo abandi batubahuka. Ngo kuko ico wanditse ku buhinga ngurukanabumenyi gitumukana n’umuyaga. Maze ugasanga umwana n’umwuzukuru

1

ntibabibonye. Ariko icanditswe mu gitabu camaho, bigasa nkuwukorogoshoye inyuguti mw’ibuye ry’igitandara, zikazokwamaho. Ivyo navyo rero ngo bigatuma umwanditsi yama agira ubushakashatsi bwimbitse, maze agafurura ukuri kunyegeje, kugira ngo aburire, akize canke atabare abantu.

Ivyo nivyo vyibonekeza muri iki gitabu Dr Levi Rukundo yise “Abarundi, Ihanga ryatoranijwe n’Imana: Ibanga rinyegejwe mu masezerano y’Uburundi”c’impapuro 138 (pages).

Dr Levi Rukundo yarasesanguye ivyo abantu bemera yuko Uburundi bwahawe isezerano. akabwira Abarundi yuko Isezerano ririho ari uko “Imana ikunda abarundi”, akongera akerekana ko urwo rukundo rugendana n’ivyiza 15 adondagura arivyo bamwe baca bita ngo ni amasezerano ku Burundi. Anavuga ko gushitswa kuri iryo sezerano ngo kutazokoroka nk’amama y’imvura. Ahubwo ngo ni isezerano riboneka ribanje gukoregwa.

Hariho abihaye gukoresha imvugo y’Isezerano ngo bashike ku ntumbero zabo abo nabo kenshi usanga ari (1) abatagira guhishurirwa, (2) abatabona kure, (3) ibiyererezi, (4) abatagira intumbero y’ubuzima, (5) ba ntambirakiza, (6) ababeshi, (7) abacokoranyi, (8) abafise agatima k’ubwicanyi (9) abasuma n’abambuzi. Baciye bafata iryo sezerano bumvanye abavugishwa, bararyiyitirira. Bamwe muribo bahavuye bigira abavugishwa maze baca barisobekamwo ibinyoma birenga 20 adondagura, kugira ngo bikunde barabe yuko hari ico bokwironkera bivuye muri ivyo vyizegwa.

Dr Levi Rukundo aravuga yuko iyo migwi yahavuye itema iratongora, abayigize bararima mbere baranateragira ivyo binyoma, barabivomera no kubagara barabibagarira. Mu Kirundi barayamaze bati ikinyoma kiririgwa ntikirara. Ejo burakeye bimbure amarira, amaganya, ukwicuza no kurimarima.

Dr Levi Rukundo yerekana ko kugera ubu hariho abamaze kwicwa, gupfungwa no kwangara kubera ivyo binyoma. Ariko naho biri uko ngo hariho abantu isinzi bari mu gihugu no mu mahanga, baciye bugufi, bafise imitima imenetse, basenga imana vy’ukuri bakayitakambambira kugira ngo ishitse isezerano ku Burundi. Abo, babikora atazindi nyungu barondera, kandi baciye bugufi. Abo Dr Levi Rukundo abita abateramiye isezerano.

Arongera agatanga uturorero kw’isi aho hari abantu bizeye amasezerano bihimbiye canke basukiranije n’ibinyoma, bagahereza kwiyahura canke gusasika inganda z’ababakurikiye. Ivyo vyashitse iyo ivyo bise “Ukwizera” kwabo bihinyutse bakamenya yuko ari ikinyoma, canke nkiyo itariki, umwaka bavugishijwe wo gushitswa kwivyo bipfuza urenganye atakibaye canke iyo batanguye kubona yuko inzira bafashe ataho ishika, baca batangura

2

kurondera amayeri yo kwiyonjorora ngo babivemwo bitagishoboka, maze gurtyo hagaca haduka indyane canke agatima ko kuzimanganya abahinyuye ibinyoma.

Dr Levi Rukundo asaba abarundi kwiyubara ubuvugishwa n’abavugishwa, bakabusuzuma kandi bakabugenzura mu guteramira iryo sezerano. Uretse gushira ahabona ibinyoma biri mu buvugishwa ku Burundi, arerekana abantu barenga 13 bamaze kwitangaza yuko Imana aribo yabatoranije ngo barongore Uburundi bw’Isezerano, bamwe muribo bakanashinga amaleta yo mu kinyegero, abandi bakemerera abantu ibibanza muri nyama leta, ivyo vyose bikaba vyerekana ubwangushi bw’abiyitirira ayo masezerano. Baregeranije ivyo binyoma bumva bivugwa ku masezerano baca babigira ivyiyumviro vya politike zabo babivanga nivy’Imana. Ivyo bigatsitaza bamwe, bikanatirura Ijambo ry’Imana n’Isezerano mu mitima y’abandi. Abo bantu si ba nciyaho kuko basahura benshi, bakajuragiza indiri. Ubuvugishwa bwabo buhagarara ku nkota ngo izoririka isinzi ry’abantu mu Burundi. Ivyo bikavugwavugwa mu buhanuzi maze bitera ubwoba abantu benshi, imitima igahagarara, abantu bakanahunga, ukamenga Uhoraho Imana, Yehovah Raah, akeneye amaraso y’ikimazi c’Abarundi. Kw’isi nko mu Burundi intambara zitwara ubuzima bw’abantu zamyeho kandi zizamaho gushika ukuboko kw’Imana kuzikinze. Ubwo bwicanyi ntibuva ku Mana, buva ku bantu ubwabo.

Nk’umuhinga, afatiye ku bimaze kuba mu bindi bihugu mbere no muri kahise k’Uburundi, agira ati abo bitangaza yuko aribo batoranijwe n’Imana ngo barongore Uburundi bw’isezerano usanga kenshi baba bariko barakubagugwa n’impwemu y’igihahamu, intuntu y’amaronko n’ivyicaro canke ivyipfuzo vyo kuba nka naka. Iyo inzira zabo zanse bashobora gutekana canke bagakenera gufashwa kugira ngo amagara yabo yo mu mutwe akingigwe. Bitabaye uko bashobora gusinzikara cane mbere n’impfu zigakurikira. Ababegereye bobafasha n’abemera ubushobozi bw’amasengesho bakanabasengera.

Dr Levi Rukundo arasigura uko umuntu ahishurigwa, hamwe n’isezerano icarico kugira ngo abantu babitandukanye n’ibinyoma, ukuvangigwa canke akagwara ko mu mutwe. Mu kwishira mu kibanza c’ugowe no mu kibanza c’uhiriwe, Dr Levi Rukundo araheza agatorera bose nzira ibereye yo kwubaka kazoza k’Uburundi. Arerekana muri iki gitabu kandi, yuko ibintu bibandanije uko biri uyu munsi, abana b’uburundi, baba abari mu gihugu canke abangaye bose bashobora kugira ingorane ziteye ubwoba, igihugu kigasubira mu ntambara. Niho aca aheza agatanga impanuro y’ibikwiriye gukogwa na Leta y’Uburundi, amadini n’amashiramwe, urwaruka n’Umurundi wese.

3

Mu gusozera iki gitabu ciwe, Dr Levi Rukundo arerekana yuko Imana yakunze Uburundi naho bwagize amagume menshi. Akerekana yuko iyindi ngorane ibabaje y’abavuga yuko bakorera amasezerano, aruko babaye nk’umusirikare aja mu ntambara atazi umwansi wiwe uwariwe. Ku bwiwe ngo “Wihenda ku mwansi ukaba utsinzwe urugamba”.

Ntibamenya yuko umwansi w’abarundi atari umuntu canke umugwi w’abantu, umwansi w’abarundi si na shetani, naho nawe nyene abosha. Umwansi nyamukuru w’Abarundi ni abarundi bonyene kuko bataye Imana naho badasiba mu masengero, bakanka no kugumya imico n’imigenzo myiza yamye iranga abarundi; maze bakihitiramwo kwicana, kwangaza bene wabo no gukumirana. Umwansi w’Uburundi ni intwaro mbi, ubukene, ubujuju n’ukwankana.

Arangiza asaba Abarundi bo mu bwoko bwose, intara zose, amadini yose gutangura kwigisha, kugendera no kwerekana urukundo kuri bose. Urwaruka, abanyapolitike, abanyamadini, abakenyezi n’amashirahamwe yose gushira ubuntu, ukwihanganiranira n’urukundo imbere ya vyose. Asaba leta y’Uburundi kurengera agasomborotso n’amajambo atarayo ukuri maze igaharanira ineza y’abarundi bose kuburyo buboneka, mu gushira mungiro amategeko akingira abantu bose n’ibintu; mu kurekura abapfunzwe; mu gutahukana impunzi zose; gushiraho ubutungane bwiza kuri bose; no gushiraho imigambi itanga icizere ca kazoza keza kuri bose. Gutyo Abarundi bose bazofatana munda bongere bagwanye uwariwe wese azogomba kubononera igihugu cabo.

Ugomba kwisomera iki gitabu kirimwo amabanga menshi ahishuwe n’inyigisho nziza nyishi, uri muri amerika, Canada, ibulayi canke Australiya, gisabe kuri Amazon.com Uri mu Burundi canke ahandi muri Africa canke ibihugu bimwe bimwe vya Aziya, saba librairie iri hafi (Saint Paul)ikigusabire canke uhamagare kuri +25761038453 bakubwire uko wokironka.

Publicités