Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.

YEREMIYA 17:7-8 Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw’azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi,gishorera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kituma izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto; ntikizorinda kwiganyira mu mwana w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama. Haleluyaaaaaa. Shira ivyizigiro vyawe vyose k’Uhoraho, guko mur’ivyo nyene uriko uracamwo bikubereye nk’umururazi bikubereye nk’imisozi arivyo uronkeramwo inkomezi zo kugororoka no gukorera Imana guko ataco bishobora ku kugira. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu Turagushimiye Vyizigiro Bizimana ur’Uhoraho ur’Imana Idatetereza abakwizigiye tudugije amajwi yacu tuvuga tuti Urera Mwami w’abami nta wusa na We kandi ntanuhwanye na We Icubahiro Inganji no Gufukamirwa n’Ivyawe ibihe bidashira. Tukweretse uyu musi Mana erega dutanguye indwi Mana turakwinginze ng’Uze Ubane natwe Uturinde imitego yose y’umurwanizi Usambure ivyo vyose badutegeye mw’ibanga, Udushingire amabuye dutambukireko Utwubake Udukomeze bimenyekane kuri Imana iri muri twe natwe turi muri Wewe ibikwiririye n’ibibereye ubiduhere Ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Amen.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s