Rwanda: Haravugwa umutekano muke muturere tumwe tumwe.

Hagize iminsi hari ibihuhu vyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi bivuga yuko igihugu c’Urwanda catewe n’inyeshaba mbere bamwe bakavuga yuko zica zihungira i burundi. Harabaye n’imigwi myinshi ica yiyitirira ivyo bitero leta y’Urwanda ivuga yuko bigigwa n’imigwi y’abasuma, iyo migwi iti namba turi inyeshamba mbere bagashira ahabona n’amafoto. Ivyo bihuha birabandanya guhuhuta gushika iyi saha. Isomere namwe ivyo bandika:  » _Impunzi Zabanya Rwanda Muntara ya Cibitoke Komine _Bukinanyana ziriko zihunga kubwinshi._

_Abanyagihugu bohafi y’ishamba rya « Nyungwe » U Rwanda Ruhuriyeko nu Burundi mukarere kamajepfo y ‘ urwanda._

_Izo mpunzi ziriko zihunga bitewe n’Imirwano ikomeje hagati y’Ingabo z’urwanda n’ingabo zumutwe witwaje imbunda witwa ^ Akanyundo.^_

_Nkuko amakuru abandanya kuboneka abivuga nuko Reta ya Kigali urwanda , yabigize Ibanga ikanka ko igihugu kija mumurwi W’ibihugu bitagira Umutekano kw’isi ._

_Ntamuntu Urekuriwe Gufotora Ibihabera no gutanga Amakuru Nyayo kugeza naho Impunzi Zahungiye Ibukinanyana kuruhande rwu Burundi . Nimpunzi ubwazo ziraterwa ubwoba kuvuga ibiriko biba (Intambara) kugutinya kuvuga Icobahunze Kubwo gutinyirira Umutekano Wabo._

Bagize bati :_

_ » Nduguruye twamigina Ibirikuba Iwacu ntavyo twari twiteze Ndugaye twamigina »._  »

Ni inkuru tuzobatohoreza.

Publicités