Somaliya: Al-Shabab yagavye ibitero vyahitanye 10 i Mogadishu

Abagwanyi b’intagondwa ba Al-Shabab bagavye igitero ca mbere gikomeye ku mugwa mukuru Mogadishu, inyuma y’amapfungo yo mu kwezi kwa ramazani. yatanguye mu mezi abiri arangiye.

Abamenyeshamakuru bavuga ko abagwanyi ba Al-Shabab bateye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati hamwe n’ubw’umutekano w’igihugu, baturitsa ibibombe bibiri.

Abantu 10 ngo baciye bahasiga ubuzima, abandi basivile 20 barakomereka.

Umutekano wari warakomejwe igihe c’ukwezi kwa ramazani mu kwirinda ibitero.

Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wipfuza gutembagaza leta ishigikiwe n’ibihugu vya Buraya, ukunze kugwiza ibitero igihe c’ukwezi kwa ramazani, kwatanguye mu kwezi kwa gatanu uno mwaka.

Kuva ico gihe, ubutegetsi bwaragwije amabariyeri.

Ico gitero caciye cemangwa na Al-Shabab, uwo mugwi uba werekanye ko ugishobora kugaba ibitero bikomeye, no kwica abantu uba wateguye nko mu minsi iheze.

Umugwa mukuru Mogadishu ukunze gutegwa na Al-Shabab, yawirukanywemwo kuva 2011, ariko ugikorera mu ntara nyinshi z’igihugu n’iruhande y’uwo mugwa mukuru.

Waregetsweko ibitero bibiri vyo mu kwezi kw’icumi, vyahitanye abantu barenga 500.

Publicités