Nigeriya: Umupfumu yigamba ko afise umuti wo kwikingira amasase yapfuye arashwe

Umupfumu umwe wo muri Nigeria yapfuye inyuma y’aho uwari aje kumusaba umuti wo kudafatwa n’urusase ageragereje kuraba ko ari vyo koko urusase rudashobora kwinjira mu mubiri wiwe.

Chinaka Adoezuwe w’imyaka 26 yishwe inyuma yo gusaba uwari aje kumusaba umuti ngo amurase aho yari yambaye impuzu mw’izosi avuga ko zimukingira amasase.

Abategetsi b’igipolisi mu ntara iri mu bumanuko bushira ubuseruko ya Imo bavuga ko uwo yamurashe ubu yahagaritswe hagirizwa ubwicanyi.

Abapfumu barijukiwe cane muri Nigeria aho basabwa kuvura ingwara zitandukanye.

Hari n’inkuru zitandukanye zivuga ko hari abantu bafise ubushobozi bwo kwikingira amasase.

Umusore umwe yari yagiye gusaba uwo mupfumu umuti wo kwikingira amasase, kandi uwo mupfumu yarawumuhaye nk’uko bivugwa n’umuntu umwe aba muriako karere yaganiriye n’ikinyamakuru ca Punch.

Kugira amwereke neza ko uwo muti ukora, , yaciye ahagarara aha uwo musore inkoho ngo amurase, ari na ho yaciye apfa.

Mu kwezi kwa mbere, umuntu adandaza imiti y’ikirundi yarahagaritswe inyuma y’aho umuntu umwe yavuga ko yanyoye amazi atuma amasase atamufata yaca apfa.

Uwo muntu wo mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria yari yamubwiye ko adashobora gupfa mu gihe bumurasa urusase.

Publicités