Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa…

2 AB’ I KORINTO 1 : 3-4 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana. Haleluyaaaaaa bwoko bw’Imana. Imana yacu n’Inyembabazi kandi uwo Igiriye imbabazi biramenyekana, uko yiruye Marita na Mariya Lazare yari yapfuye yaboze yanutse akaba muzima niko nawe Imana Ije kukwirura mu mibabaro yawe yose mu marushwa yawe yose mu miniho yawe yose, humura muvyo uriko uracamwo vyose YESU KRISTO UMWAMI w’Abami Araje Ashoboye vyose Amen. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu Wabanye natwe n’Ushimwe hari benshi batabonye uyu musi bavyifuza imbabazi zawe nizo zatubayeho Data Wera, Shishikara kutugirira neza ni vyinshi bitunaniza ni vyinshi bituruhije bigatuma tugenda nk’abagandaye twirure Mana Nziza, tanga amahoro tanga umunezero ku baguciriye bugufi bose, tabara Data Mwiza abarushe abaremerewe abagowe ababoshwe abarwaye abapfakazi impfuvyi n’abo bose babuze uko babigenza bigenze neza Urabishoboye vyose vyose biri mu bigaganza vyawe Icubahiro Inganje no Gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe ibihe vyose Amen.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s