Abantu 60 nibo bapfuye abarenga 100 nabo barakomereka inyuma y’umuriro wadutse hafi y’umurwa mukuru Athenes w’igihugu c’Ubugiriki.
Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako abantu baba hafi y’umurwa mukuru Athenes bataye ing zabo
Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe gutabara baharurwa mu majana batanguye ibikorwa vyo kuzimya uyo muriro,bikavugwako bariko bakoresha ubwato hamwe n’indege za kajugujugu murico gikorwa.
Abajejwe intwaro aho mu gihugu c’Ubugiriki basavye imfashanyo ibindi bihugu na cane cane vyo k’umugabane wa Buraya kugira bikironse izindi ndege za kajugujugu hamwe n’abajejwe kuzimya umuriro kugira bahangane n’uyo muriro wadutse.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki Alexis Tsipras yavuze ati: »Tuzokora ibishoboka vyose kugira tuzimye iyu muriro. »
Bivugwa ko ibihugu by’Ubutariyano, Ubudagi, Poronye hamwe n’igihugu c’Ubufaransa, vyamaze kurungika imfashanyo y’indege, imodoka hamwe n’abajejwe kuzimya umuriro.
Harihaciye ikiringo c’imyaka ingana 10 habaye umuriro ukaze cane wahitanye abantu n’ibintu mu mwaka w’i 2007 aho mu gihugu c’Ubugiriki.