YESAYA :25 : 20-21 Zigama umutima wanje, unkize : Noye kumaramara, kuko nguhungiyeko.21 Ukugororoka n’ugutungana binzigame, Kuko nkwiteze Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Data wa Twese Uvyagiye Ahera cane Tuje imbere yawe Mana Yicubahiro tugushima wabanye natwe Watuzigamye Imbabazi n’Ubuntu vyawe vyose vyatubayeho n’Ushimwe Nyaguhora turakwinginze ng’Ushishikare kubana natwe Uzigame imitima yacu ukugororoka n’ugutungane bitwuzure bimenyekane kuri Imana yacu twiringiye kandi twizigiye, turakwiteze Mana Yacu, ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro ubiduhe kandi Ubidukorere mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.