Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’umutwenzi atacowubuza kuza.

HOSEYA 6 : 3 Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’umutwenzi atacowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’imvura y’umutasuro inyosheje hasi. Alleluyaaaaaaa bwoko bw’Imana. Imana iriko iradukangurira kuyimenya nkuko bikwiye, tuyubahe tuve mu ngeso mbi tuve mû ngeso za kameremere tuyemere ko Ishoboye vyose tuyizere imitima yacu ubwenge bwacu vyose tubiherereze k’Uhoraho, guko KRISTO YESU ataraza urupfu rwo gwoza, dutunganye rero imitima yacu, dutunganye Ubugingo. DUSENGE : Data Wewe Uvyagiye ku ntebe y’icubahiro Turagushimiye cane Wabanye natwe iri joro hari abapfuye ariko twebwe watugiriye imbabazi turi bazima n’Uhabwe impundu turakweretse uyu musi Urabana natwe uraturinda uratuzigama utubere maso utwuzuze mw’ubwenge bwawe bwo kukumenya bwo kugutahura bwo kugukorera uko ugomba bwo kukwizera ni Wewe Mana Wenyene, Imana Ikomeye cane Imana Nyen’Ububasha bwose kandi twizigiye ivyo vyose biguhesha icubahiro ubiduhe ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités