Makamba: Abagirizwa urudandazwa rw’abantu baciriwe umunyororo w’imyaka 5

Sentare nkuru y’intara ya Makamba yaciriye umunyororo w’imyaka 5 abantu batatu bagirizwa urudandazwa rw’abantu mu gihe uwundi umwe nawe yaciriwe igifungo c’imyaka 2 n’amezi 6

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa,Agnes BANGIRICENGE amenyeshako abo bose uko ari 4 bafatiwe ahitwa Mugina k’urubibe igihugu c’Uburundi gihana n’igihugu ca Tanzaniya.

Agnes BANGIRICENGE avuga ko abo bafashwe bagirijwe urudandaza rw’abantu ,bari bafashe inzira ibashikana mu bihugu vy’abarabo baciye mu gihugu ca Tanzaniya.

Publicités