Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw’ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bwiwe?

YESAYA 49 : 15-16 Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw’ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bwiwe? Ni koko, abo bashobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira. Ehe ngushushanije mu biganza vyanje; inzitiro zawe ndazihozakw amaso. Alleluyaaaaaaa. Imana si nk’umuntu ngo yibagire bwoko bw’Imana, umuvyeyi ashobora kuja mubikorwa vyiwe vyinshi akibagira uruyoya yonsa, yonasinzira akibagira ko hari uruyoya ruryamye impande ziwe, ariko Uhoraho Imana yacu Aravuze Ntashobora kukwibagira mbere uri mû kiganza c’Uhoraho akugumizako ijisho Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Mana yacu Mana Udukunda turagushimiye cane wabanye natwe iyo ndwi yose n’Uhabwe Icubahiro, Shishikara Data Wera kutugumiza kw’ijisho ryawe turazi kudashobora kutwibagira uratugumiza mu kiganza cawe Dawe Mwiza ibikwiriye n’ibibereye bihesha icubahiro Izina ryawe Ubiduhe iyi ndwi tuze tuyirangize tugushima tuguhimbaza tugukorera ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités