Ntiwaribwabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana Ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi.

YESAYA 40 : 28-29 Ntiwaribwabimeze? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana Ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubwenge bwiwe ntibuserangurika. Ni We aha inkomezi abadendebukiwe, kand’utagira intege amwongeramw’inkomezi. Alleluya ncuti Mukundwa, yewe Yakobo jewe Isirayeli, reka kwiganyira reka kwiheba no kwihebura Uhoraho ntabwo yaguhevye ntabwo yakwibagiye n’ubwo ubona bimeze gurtyo, ntabwo ananiwe n’ibibazo vyawe, araje abigenze neza n’Imana Ihoraho Ishoboye vyose, wewe uraruha ukadendebukira ariko iyo Mana ntiyigera iruha ntiyigera idendebukirwa, urushe uremerewe wabuze inzira wabuze uko ubigenza vyereke vyose YESU bibwire vyose YESU KRISTO, n’umutabazi wacu. DUSENGE : Mana Data wa Twese Mana Nyen’Ububasha bwose Turagushimiye cane Wabanye natwe iri joro waturinze watuzigamye Icubahiro n’Icawe ibihe vyose, n’ubu Shishikara kuturinda turi bâ Yakobo turi ubwoko bwawe bw’abisirale Twubake twuzuze mw’inkomezi zawe zidasanzwe kugira tugukorere uko ushaka, ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro ubiduhere Ubuntu, uyu musi bize kumenyekana kuri Imana mû ruhande rwacu, mw’Izina rya YESU KRISTO Umwami w’amahoro, Amen.

Publicités