Ninde azogutinya ga Mwami w’amahanga? Kuko bikubereye; kuko mu banyabwenge bose bo mu mahanga,

YEREMIYA 10:7 Ninde azogutinya ga Mwami w’amahanga? Kuko bikubereye; kuko mu banyabwenge bose bo mu mahanga, uko bagatsindaje kwose nk’abami, atawuhwanye nawe. Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Mana yacu Mana Udukunda Mana Nyen’Ububasha bwose Mana Se GABA w’amahanga yose tuje imbere zawe tugushima wabanye natwe imbabazi zawe zatubayeho Gitare n’Ushimwe Wakoze ibikomeye kuba tuvyutse turi bazima n’Uhabwe Icubahiro n’ubu turakwinginze Mana yacu Ushishikare kuturinda no kutuzitirira uturinde ba shari na banzigo uturinde ivyikakisha vy’uburyo bwose uturindire ubugingo uturinde abacu n’ivyacu uduhe inkomezi zawe nta wuhwanye nawe Mana ivyo vyose bihesha Icubahiro Izina ryawe ubiduhere Ubuntu bize kumenyekana kuri Imana yacu Idatetereza Ishoboye vyose mw’Izina rya YESU KRISTO Umwami w’amahanga yose Umwami w’abami, Amen.

Publicités