Jean Pierre Bemba yasubiye mu gihugu ciwe ca RD Congo inyuma y’imyaka cumi apfunzwe

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri Congo, Jean Pierre Bemba yakiriwe muri ico gihugu inyuma yo kumara imyaka cumi ari mw’ibohero hanze y’igihugu.

Bemba yajejwe na sentare mpanavyaha mpuzamakungu TPIR ku vyaha yagirizwa vyo mu ntambara, akaba yaravuze ku mugaragaro ko ashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri Congo.

Yaratsinzwe u matora yo mu 2006 ariko arahiganwa na prezida Joseph Kabira, ikiringo ciwe ca kabiri carangiye mu 2016, bikaba biteye n’ikibazo co kumenya nimba azosubira kwitoza.

Ugutahuka kwa Bemba kuzanye iyindi sura ya politike muri Congo, umugambwe uri ku butegetsi ukaba waramaze kuvuga ko Bemba adakwije ibisabwa kugira yitoreze kuba umukuru w’igihugu, kubera yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Imigambwe isigaje indwi imwe gusa yo gutanga amazina y’abazobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, umugambwe wa Bemba ukaba waramaze kumugena ngo awuserukire.

Abayoboke ba prezida Kabila bavuga ko Bemba adakwiye kwitoza kuko yoba arenze kw’ibwirizwa shingiro.

Ku ruhande rwa prezida Kabila ubwiwe nta co aravuga ku vyerekeye ukugaruka mu gihugu kwa Bemba.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yari amaze imyaka 12 hanze y’igihugu, muri yo 10 akaba yari apfungiwe ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu yakoreye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique, akaba aherutse kubihanagurwako na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bica bimucira inzira yo gushaka gusubira kwitoza.

Publicités

Un commentaire sur “Jean Pierre Bemba yasubiye mu gihugu ciwe ca RD Congo inyuma y’imyaka cumi apfunzwe

Les commentaires sont fermés.