Uwahoze ari umugambwe wa Mugabe Zanu-PF watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka

Umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe Zanu_PF catsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka nk’uko biri mu biharuro vy’imfatakibanza.

Bisa n’uko uwo mugambwe wa prezida Emmerson Mnangagwa usa n’uwgiye kuronka ibiti vyinshi mu nama nshingamateka mu matora yabaye kuri uyu wa mbere – amatora ya mbere kuva prezida yabaye ku butegetsi umwanya muremure Robert Mugabe abwirukanyweko.

Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyitezwe kumenyekana ku musi wa gatatu.

Mu gitondo, umugambwe utavuga rumwe na reta MDC Alliance wari wavuze ko habaye ubusuma muri ayo matora kandi ko umukuru wawo Nelson Chamisa ari we yari yatahukanye intsinzi.

Akanama kajejwe gutegura amatora ZEC katangaje ko Zanu-PF gushika ubu bafise ibibanza 1109 kuri 41 vya MDC mu nama nshingamateka nk’uko vyamenyesheje ku kimenyeshamakuru za reta ZBC.

Inama nshingamateka ya Zimbabwe igizwe n’abashingamateka 210.

Indorerezi z’amatora ziyavugako iki?

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rivuga ko ayo matora yabaye mu muco kandi ata ho yegamiye, kandi ko yerekanye ko hari ibigiye guhinduka muri politike y’ico gihugu.

Icegeranyo cari cashikirijwe n’ishirahamwe SADC kivuga ko ayo matora yaranzwe n’umutekano kandi ko yabaye hakurikijwe amategeko.

Abaserukiye iryo shirahamwe, umushikiranganji w’imigenderanire wa Angola Manuel Domingos Augusto yavuze ko ayo matora ari aya demokrasi.

Ishirahamwe rya Comesa ryashimagije akanama kajejwe gutegura amatora kuba kakoresheje ivyuma vya elegitoronike mukwandika abazotora, kuko ngo vyafashije kubuza abantu kuza gutora incuro irenga imwe.

Vyitezwe ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya n’indorerezi zo muri Amerika bashikiriza icegeranyo cabo.

Publicités